Ubugiriki buramutswa umushikiranganji wa mbere mushasha

Bwana Lucas Papademos Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Bwana Lucas Papademos

Nyuma y'iminsi ine hari ibiganiro vya politike vy'urutavanako, Ubugiriki bwagenye umushikiranganji wa mbere mushasha, Lucas Papademos.

Bwana Papademos yahoze ari icegera c'umukuru w'ibanki nkuru ya Buraya.

Aho yafata ijambo amaze kugenwa muri ayo mabanga mashasha, yavuze ko Ubugiriki buri mu mayira abiri, bufise ingorane z'ikirenga, ahamagarira Abagiriki gukomeza ubumwe.

Intwaro mfatakibanza yiwe izogerageza gutunganya ibikwiye ngo Ubugiriki buhabwe inguzanyo yo kwikura mu kaga yumvikanyweko mu kwezi guheze, inashobore kuronswa irindi deni n'amakungu.

Abagize leta yiwe ntibaramenyekana, kandi nta tariki irashirwako izoberako amatora.

Bwana Papademos azorahirira amabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere ejo kuwa Gatanu.