Amasoko y'imitahe ntaratekano kubera Ubutariyano

Mario Monti Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mario Monti

Amasoko y'imitahe ntahagaze nteza nyuma y'amahinduka ya politike mu Butariyano, hamwe n'akazi karindiriye umushikiranganji wa mbere mushasha Mario Monti.

Bwana Monti, umuhinga mu vy'ubutunzi akaba y'aranatwaye umugwi w'umuryango wa Buraya, ariko aragerageza gushirako leta mfatakibanza ngo arabe ko yokura Ubutariyano mu madeni.

Leta yashoboye kugurana imiriyaridi zitatu z'ama Euro, ariko agaciro k'inyungu karacabonwa nk'akari hejuru cane.

Agaciro k'imigabane i Buraya katakaje inyungu kari karonse mu mpera z'indwi iheze.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Silvio Berlusconi, yategerejwe gutanga imihoho mu gihe Ubutariyano buri mu kibazo c'ubutunzi gikomeye.