Syria yashavujwe no gukurwa muri League Arabe

Umushikiranganji wa Syria ajejwe imigenderanire, Walid al-Moualem Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikiranganji wa Syria ajejwe imigenderanire, Walid al-Moualem

Umushikiranji wa Syria ajejwe imigenderanire yishuranye agashavu ku ngingo yo gukura Syria mw'ishirahamwe ry'Abarabu, League Arabe.

Syria yakuwemwo kubera uburyo ifata abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza leta, Syria ikavuga ko ivyo ari ibintu bishobora guteza ingorane zikomeye.

Umushikiranganji Walid al-Moualem yavuze ko Syria itazohindura ikintu na kimwe mu vyo ikora kandi ngo akagambane kose kuri yo ntaco kazoshikako.

Ariko bwana Moualem yasavye ikigongwe ku bitero vyagizwe ku nyubakwa ziserukiye ibihugu muri Syria nyuma y'aho ivaniwe mw'ishirahamwe ry'Abarabu.

Isinzi ry'abantu bashavuye bateye ibiro biserukiye Arabie Saudite, Qatar, Turkiya hamwe n'Ubufaransa.

Turkiya yavuze ko itazovyihanganira, kandi ngo izoguma aho ihagaze mu gushigikira abiyamiriza leta ya Syria.

Hagati aho umwami wa Joradanie, Abdullah, yavuze ko ibintu muri Syria biteye impungenge cane mu karere kandi ngo bishobora gutorerwa umuti n'amahinduka ya politike gusa.

Aho yaganira na BBC, umwani Abdullah yahimirijwe umukuru wa Syria, Bashir Assad, kwegera abanyagihugu, agatanga imihoho kandi agategura amatora.