Urubanza rw'abasuma bo mu mazi i Paris

Abasuma bo mu mazi bapfungiwe muri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu TONY KARUMBAAFPGetty Images
Image caption Abasuma bo mu mazi bapfungiwe muri Somalia

Umugwi w'abanye Somalia batandatu bagirizwa kunyuruza ubwato bw'umugabo n'umugore b'Abafaransa barengutse kuri sentare i Paris.

Abo bagabo bagirizwa kuba barafashe ubwato bw'abo Bafaransa aho bwari hafi y'inkengero za Somalia haciye imyaka itatu, bagasaba amahera ashika ku muriyoni w'amadolari.

Abasirikare b'Abafaransa kabuhariwe buriye ubwo bwato haciye indwi zibiri, bica umusuma umwe banabohoza uwo mugabo n'umugore wiwe.

Ababuranira benshi muri abo bagabo bavuga ko bari abarovyi mu nyuma bategekwa kuja muri ubwo busuma.

Ejo umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, yamenyesheje ko hazoba inama mpuzamakungu i Londre mu mwaka uza, yo kwiga ku kibazo c'ubusuma bwo mu mazi muri Somalia.