Igipolisi cirukanye abiyerekana i Wall Street

Abiyerekana i Wakk Street bakozanyako n'abapolisi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abiyerekana i Wakk Street bakozanyako n'abapolisi

Igipolisi c'i New York muri leta zunze ubumwe za Amerika cirukanye abiyerekana bari bakambitse i Wall Street kuva mu kwezi kw'icenda kubera ikibazo c'ubatunzi.

Amajana y'abapolisi bambariye guhangana n'abagumutsi baje mw'ijoro batangura kwirukana abiyerekana, bamwe bakaba bari bibohesheje iminyororo.

Abantu bashika ku mirongo indwi nibo bafatiwe muri ico gikorwa c'abapolisi.

Abajejwe umuji wa New York bavuze yuko abiyerekana bashobora kugaruka mugabo ata mahema bitwaje.

Iyo myiyerekano yabereye akarorero abandi menshi mu miji itandukanye kw'isi, aho abantu bagiye barakambika mu bibanza bizwi.