Italy yaronse leta nshasha

Mario MOnti Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Italy Mario Monti

Umushikiranganji wa mbere Mario Monti hejuru y'amabanga yiwe, yihaye gutwara ubushikiranganji bw'ubutunzi bw'igihugu,

Bwana Monti avuga kw'intumbero yiwe ya mbere ar'ukuvyura ubutunzi bw'igihugu.

Iyi leta yiwe ije mu gihe haheze iminsi ibiri haba ibiganiro vyakurikiye gutanga imihoho kw'uyo yasubiriye Sylvio Berlusconi.

Italy ntiyorohewe ku masoko mpuzamakungu y'amafranga kuber' amadeni manini ico gihugu gifise.