Igitero c'abiyonkoye ku gisirikare ca Syria

Ikarata ya Syria
Image caption Ikarata ya Syria

Abiyonkoye ku gisirikare ca Syria muri kino gihe biyita Free Syrian Army bivurwa ko bateye ibisasu vya rockets ku nyubakwa z'urwego rwa gisirikare kirwanira mu kirere, rujejwe iperereza.

Urwo rwego bavuga ko arirwo rwagize uruhara runini cane mu guhasha abakora imyiyerekano .

Ico gitero kibaye mu gihe abashikiranganji bajejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry'ibihugu vy'abarabu, bahuriye mu nama muri Maroc aho bagiye gufata ingingo yo gushira mu ngiro icemezo co guharira ivomo Syria.