Papa Benedict wa 16 yagendeye Benin

Papa Benedict yari yiteguriwe cane muri Benin Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Papa Benedict yari yiteguriwe cane muri Benin

Papa Benedict wa cumi na gatandatu yashitse mu gihugu ca Benin mu rugendo rwa kabiri agize muri Afrika kuva aho atorewe kuba umu papa.

Agize uru rugendo muri Afrika mu gihe uwo mugabane ariwo wiyongeramwo cane aba Kristu b'aba Gatalika kurusha ahandi.

Yakiriwe n'isinzi ry'abantu ku kibuga c'indege gikuru ku murwa mukuru Cotonou.

Ejo kuwa Gatandatu Papa azogendera intara ya Ouidah, isasagayemwo idini kama rya Voodoo, abonane n'abasenyeri bavuye hirya no hino muri Afrika.

Azoshira umukono kw'itegeko, rizwi kw'izina rya Apostolic Exhortation mu congereza, rigena ingena abona kazoza k'ishengero Gatolika muri Afrika.

Ibiro vya Papa i Vaticano bivuga ko ubutumwa bwiwe nyamukuru azoba ari amahoro, ubwiyunge n'ubutungane.