ONU ivuga ko gutabara muri Somalia bigenda neza

ONU ivuga ko inzara iriko iragabanuka muri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption ONU ivuga ko inzara iriko iragabanuka muri Somalia

Umuryango mpuzamakungu ONU uvuga yuko ibikorwa vy'ubutabazi vyifashe neza nyuma y'aho amashirahamwe y'abagiraneza agarukiye.

ONU ivuga yuko inzara itakirangwa mu bice bitatu vyari bibangamiwe cane, ariko ngo ibintu ntibiraja mu buryo neza kandi ngo imfashanyo izoguma ikenewe gushika mu mwaka uza.

Uwo muryango kandi uvuga yuko ibindi bice bitatu, harimwo inkambi ziri i Mogadishu, biracarangwamwo inzara.

Umunyamakuru wa BBC akorera mu buseruko bwa Afrika avuga yuko bitangaje kuba indwara ziterwa no gufungura nabi hamwe n'igitigiri c'abapfa bitaragabanuka, kandi amashirahamwe y'abatabazi ashika henshi ku murwa mukuru.