Abiyamiriza leta mu Misri basubiye Tahir Square

Egypt protests Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abari mu myiyerekano barahunga imyuka yatewe na police mw' ibarabara, aho bariko berekeza ku bushikiranganji bw' intwaro yo hagati ,hafi ya Tahir Square kuwa 22/11/11

Abaharanira uburenganzira bwabo basavye miliyoni y'abantu kuza kugariza ikibanza ca Tahir Square uno munsi, mu ntumbero yo guhamagarira ubutegetsi bwa gisirikare gutanga ubutegetsi.

Abenshi baraye mur'ico kibanza, ariko iyo myiyerekano ntirakurura abantu benshi nk'abakuje ku butegetsi president Hosni Mubarack mu ntango z'uyu mwaka.

Abategetsi baturuka mu migambwe itandukanye biteguriye kubonana n'abasirikare bari ku butegetsi ngo baganire kur'iki kibazo.

Abantu barenga 20 nibo bamaze gupfa mur'iyi myiyerekano mishasha mur' ino minsi, hirya no hino mu gihugu.