Libya yanse gushikiriza ICC umuhungu wa Khadafi

Saif Ul Islam amaze gufatwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Saif Al Islam yicaye mu kibanza cagizwe ibanga, afise bandage ku ntoke, yerekanywe kuri TV amaze gufatwa kuwa 19/11/11

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'iLa Haye Luis MOreno Ocampo, ari mu rugendo Tripoli, avuga ko ubutegetsi bwa Libya bufise uburenganzira bwo kuburanya Saif.

Ariko abacanmanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha ngo bazogira uruhara mur'urwo rubanza.

Saif Al Islam yagirizwa ivyaha vyo guhungabanya ubuzima bwa kiremwa muntu, harimwo ubwicanyi n'itoteza ry'abanyagihugu basanzwe.