Muri Congo bazindutse mu matora

Amatora muri DRC Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Amatora muri DRC

Itegurwa ry'aya matora yo kur'uyu wa mbere ryarimwo ibibazo vyinshi cane cane bijanye no gutunganya ndetse no gushikana ibikoresho mu bibanza vyavyo.

Umutekano muke wari uhasanzwe imbere y'amatora n'ubu urakomeza , aho abitwaje ibirwnisho bateze imodokari zari zitwaye amakarata yo gutorerako mu muji wa Lubumbashi.

Mu bibanza bimwe bimwe batevye gutangura, mu muji wa kananga abanyagihugu bashavujwe n'uko ibiro vy'amatora vyatevye kugurura baturiye ibibanza vya gutoreramwo.