Pakistan yanse inama kuri Afghansitan

Pakistan bodies of soldiers killed by NATO Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umusirikare wa Pakistan ahagaze imbere y'amasandugu y'abasirikare bishwe na NATO kuwa 26/11/11

Ingingo ya Pakistan yo kwanka kuja mu nama kuri kazoza ka Afghanistan, yafatiwe mu nama nshikiranganji yabareye mu muji wa Lahore.

Uhagarariye Pakistan mu Bwongereza Wajid Hassan, yabwiye BBC ko n'imiburiburi NATO yateregerezwa gusaba imbabazi Pakistan.

Umunyamakuru wa BBC ari Islamabad, avuga ko hamwe Pakistan itokwigarura, iyo nama kuri Afghansitan izoba ibuzemwo igihugu kibanyi gifise uruhara rukomeye.