Ubwongereza bwasubirije mu ndumane Irani

Umushikiranganji William Hague ashikiriza ijambo mu nama nshingamateka Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umushikiranganji William Hague ashikiriza ijambo mu nama nshingamateka

Ubwongereza bwabariye Irani kwugara ibiro biyiserukira i Londre, abakozi baserukiye Irani mu Bwongereza nabo bahabwa amasaha 48 ngo babe bavuye mu gihugu.

Ivyo vyamenyeshejwe n'umushikiranganji ajejwe imigenderenire, William Hague, mu rwandiko yasomeye mu nama nshingamateka.

Bikurikiye imigumuko yabaye ejo i Tehran muri Irani, aho abantu bahuka ibiro biserukiye ubwongereza bakabisambagura.

Hagati aho Ubudage nabwo bahamagaje uwubuserukiye muri Irani ngo habe umubonano nyuma yico bwise "ibintu bidashobora kwihanganirwa".

Umushikiranganji w'Ubudage ajejwe imigenderanire, Guido Westerwelle, yavuze ko igihugu ciwe gishigikiye Ubwongereza nk'igihugu kiri mu muryango wa Buraya.

Yanavuze yuko amategeko mpuza makungu abwiriza kwubahiriza ibiro biserukiye ibihugu.