Abashigikiye Gbagbo ntibashima ko ajanwa i La Haye

Laurent Gbagbo n'umugore wiwe Simone aho bafatwa mu kwezi kwa kane Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Laurent Gbagbo n'umugore wiwe Simone aho bafatwa mu kwezi kwa kane

Abashigikiye uwahoze atwara Cote d'Ivoire, Laurent Gbagbo, bumijwe no kumva ko ajanywe kuri sentare mpanavyaha mpuzamakungu iri La Haye mu Buholandi.

Bwana Gbagbo ajajnyweyo kuburanywa ku vyaha vyo guhohotera ikiremwa mpuntu yagirizwa.

Umuvugizi wiwe yavuze ko kujanwa kwa bwana Gbagbo mw'ijoro ryakeye ngo cabaye igikorwa kitagororotse.

Ibinyamakuru bishigikiye Gbagbo bivuga ko ico gikorwa kije kubangamira ubwiyunge.

Ariko umuvugizi wa leta yavuze ko ari umuhezagiro kuri Cote d'Ivoire.

Imigambwe myinshi mito mito imushigikiye yaciye yikura mu matora y'abashingamateka yitezwe mu ndwi zibiri.

Bwana Gbagbo yakuwe ku butegetsi nyuma y'imirwano yo hagati mu gihugu, nyuma y'aho yankiye kuva ku butegetsi amaze gutsindwa mu matora y'umukuru w'igihugu, ubu haciye umwaka.

Umushinjacaha mukuru wa sentare mpanavyaha mpuzamakungu, Luis Moreno Ocampo, yavuze ko hari ibimenyetso vyerekana ko ubugizi bwa nabi bwateguwe n'ibigirankana n'abashigikiye Gbagbo.