Abagirizwa kwica abanyamahanga iNgozi bakatiwe

Burundi map
Image caption Burundi map

Abasore 2 bagiruzwa icaha co kwica umutaliyani n'umunyaCrotiakazi mu mpera z'indwi iheze, bafatanywe amafaranga agera ku bihumbi bine vy'ama Euro, basabiwe gupfungwa burundu.

Joseph Nzobarinda na Dieudonne Niyongabirano baburanye badafise ababunganira.

Bafise uburenganzira bwo kunguruza urubanza muri sentare isubiramwo imanza y'Ingozi.

Bagitangura urubanza hirya y'ejo, bari bemeje ko bajanywe n'ubusuma bakarasa umuzungukazi aturuka muri Croatia batabishaka, nayo umutaliyano yar'abatwaye n'imodokari ngo yarashwe n'igipolisi ava mu modoka.

Ariko izo mburano bahavuye bazihindura, aho bavuga ko batumwe ahubwo n'umuntu yagiriza uwo mubikira w'umunyacroatia gukorana n'imirwi yitwaje ibirwanisho mu kubaronsa imiti.

Mur'uru rubanza rwamaze iminsi itatu gusa, abo basore bakatiwe gupfungw aubuzima bwose, mugabo bakaba bashobora kunguruza.

Umwe mur'abo basore yar'asanzwe yiga mu mwaka w'icumi, uwundi nawe yavuye mu mwaka w'icumi nyene mu mwaka uheze.