Ubutunzi mu karere ka Euro buracadindiye

Angela Merkel Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Angela Merkel ashikiriza ijambo iinama nshingamateka y'Ubudagi kuburyo ikibazo c' imyenda gihagaze, kuwa 02/12/2011, imbere y'inama ya EU

Angela Merkel yabwiye inama nshingamateka ko hatanguye gutunganywa uburyo bwo gutegurira hamwe hagati y'ibihugu bigize ishirahamwe rya Bulaya, amafranga leta zikeneye gukoresha.

Ivyo ngo bizotuma ihungabana ry'ubutunzi rigabanuka hagati y'ibihugu bisangiye ifranga rimwe rya Euro, bifashe no gukwirkiranira hafi ikoreshwa ry'amafranga y'ama leta n'ingurane asaba.

Angela Merkel yasuzuguye iciyumviro co gukoresha imapuro z'agaciro mu kusaba imyenda ku bihugu vy'iryo shirahamwe.

Agaciro kumasoko y'amafranga kaciye kaduga kuber'ijambo rya Merkel.

Ku munsi wa kane, presidemt w'Ubufransa Nicolas Sarkozy yavuze kw'igihugu ciwe n'Ubudagi bazogerageza gusaba ko haba ayandi masezerano hagati y'ibihugu vya Bulaya kugirango habe gukorana kuri bose mu gisata c'ubutunzi.