Laurent Gbagbo yashitse imbere ya ICC

Laurent Gbagbo n' umugore Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Laurent Gbagbo n'umugore wiwe bamaze gufatwa mu ngoro iwabo mu kwezi kwa kane 11/04/11

Laurent Gbagbo yagirizwa ivyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu bifatiye ku bwicanyi bwabaye inyuma y'amatora yabaye muri Cote d'Ivoire umwaka uheze.

Laurent Gbagbo yavuze ko atashimishijwe n'uburyo yafashwemu gihugu iwe mu kwezi kwa kane, aho ingoro y' umukuru w' igihugu iterewe n' ingabo z'Ubufransa.

Yemeza kandi ko kurungikwa iLa haye kwiwe kutakurikije amategeko.

Abashigikiye Gbagbo bagiriza Ubufransa ko buri inyuma y'ifatwa rya Laurent Gbagbo n'irungikwa ryiwe kuri ICC.