Itegurwa ry'amasezerano masha ya EU

Merkozy Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Angela Merkel na Sarkozy

Abategetsi b'Ubudagi n'Ubufransa bavuga ko bashaka ko ingingo nshasha zizogenga ibihugu vy'uwo muryango, bizoheza bikagarura icizere mu bihugu bikoresha ifranga rya Bulaya.

inyuma y'umubonano wabereye iParis, Nicolas Sarkozy na Angela Merkel bavuga ko bifuza ko ayo masezerano yoba yemejwe n'ibihugu binywanyi mu kwezi kwa gatatu.

Ivyo bihugu ngo bidashoboye kubona amasezerano yemewe n' ibihugu yose bigize ishirahamwe rya Bulaya, bizokwera ayumvikanyweko n' ibikoresha ifranga rya Euro.