Ubufaransa n'Ubudage bishaka gukaza akarere ka Euro

Nicholas Sarkozy na Angela Merkel Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Nicholas Sarkozy na Angela Merkel

Ubufaransa n'Ubudage bivuga ko bigiye gushinga amategeko ahana ibihugu vy'akarere gakoresha ifaranga rya Euro, nivyakavya mu gufata amadeni.

Ivyo bihugu bimemyesheje ivyo nyuma y'aho ikigo gitanga agaciro co muri Amerika, Standard and Poor's, kivugiye ko agaciro k'ibihugu nka vyose vyo mu karere ka Euro kagiye gusubirwamwo.

Ako gaciro iyo kari hejuru, gatuma ibihugu vyakwa inyungu ntoyi ku nguzanyo bisaba ama banki n'ibigo vy'amafaranga.

Vyaciye bituma amasoko y'imitahe ku mugabane wa buraya atangura ahomba kuri uyu wa Kabiri, ariko mu nyuma yashoboye kugaruza bimwe mu bihombo yagize.

Umukuru w'umugwi ujejwe ubutunzi mu karere ka Euro, yavuze ko ivyo vyagizwe n'iryo shirahamwe bitabereye.

Umushikiranganji ajejwe ubutunzi wa leta zunze ubumwe za Amerika, Tim Geithner, ariko aragirana ibiganiro n'abakuru b'ibihugu vy'i Buraya, kugira bafate ingingo zihutirwa.