Ibiganiro vyo kuramira ifaranga rya euro

Ikimenyetso ca euro Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ikimenyetso ca euro

Abategetsi b'ishirahamwe rya Bulaya bariko bitegurira inama biteze gufatamwo ingingo bizeye ko zizotuma umuti w'ikibazo cugarije akarere gakoresha ifaranga rya euro uboneka.

Umukuru w'umurwi w'ishirahamwe rya Bulaya Jose Manuel Barroso, yabwiye abanye politike gukora ibishoboka vyose mu ntumbero yo kuramira iryo faranga rya euro.

Umushikiranganji w'ikigega ca leta wa leta zunze ubumwe za Amerika, Timothy Geithner, yavuze ko ibihugu vya Bulaya bikeneye gukingira ifaranga ryavyo, mu ntumbero yo gukingira ubutunzi bukiri mu ntege nke bw'ibihugu bindi bikene.

Ubugadi n'Ubufaransa bishaka kw'amasezerano hagati y'ibihugu vya Bulaya ahinduka, kugira ngo bongeremwo ingingo nshasha zigenga ibihugu bikoresha ifaranga rya Euro.

ibanki y'ishirahamwe rya Bulaya yiteguye gutezurira ayandi ma banki mu kugabanya urugero rw'inyungu ku ngurane z'igihe kire kire.