Umuriro wahitanye 90 Calcutta mu Buhinde

Umuriro mu bitaro vya Calcutta Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuriro mu bitaro vya Calcutta

Abenshi mu baguye mur'ivyo bitaro n'abarwayi bagomye mu gice co hejuru mw'igorofa, kubera umwotsi n'imbeya z'uwo muriro watongoye ibitaro vyigenga vyo mu gace ka West Bengal.

Imiryango y'abapfuye yagiriza abajejwe kuyobora ivyo bitaro ko bataye urwangara ku barwayi, mu kutubahiriza amategeko yo kurinda impanuka z'umuriro.

Ivyo mugabo ibitaro birabihakana.

Umuserukira leta mu karere ka Bengal Mamata Banarjee, yagereranije urupfu rw'abahitanywe n'uwo muriro n'icaha kidashobora kubabarirwa.

Yemereye ababuze ko hazoba itohoza mu buryo busesanguye.