UK yikuye mu mwumvikano w'ibihugu vya EU

Sarkozy, Merkel Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Sarkozy, Merkel

Itangazo ryavuye mw'ishirahamwe rya Bulaya ryemeza ko Hungary, igihugu bari bibajije ko kitaza kuvyemera, cahambije abandi mukwemera gushigikira uwo mwumvikano, ariko kibanje kuvyemererwa n'inama nshingamateka.

Ariko rero uwo mwumvikano ntuzofatwa nk'amasezerano hagati y'ibihugu vya Bulaya, na burya Ubwongereza bwanse kuwugiramwo uruhara.

Uwo mwumvikano musha, uzotuma ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya rigira ububasha bwo gukurikirana ikoreshwa ry'amafranga ya leta z'ibihugu binywanyi, no gutang'ibihano ku bazoba barengeje uburyo bafise