Umuforomakazi w'umunye Kongo yashimiwe na Amerika

Umufiromakazi Augusta Chiwy ahabwa agashimwe Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umufiromakazi Augusta Chiwy ahabwa agashimwe

Umuforomakazi w'imyaka 93 w'umunye Kongo afise ubwenegihugu bw'Ububirigi, yahawe agashimwe kubera abasirikare ba Amerika yakijije mu ntambra ya kabiri y'isi.

Augusta Chiwy mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yari umukobwa akiri muto, akora nk'umugiraneza mu muji wa Bastogne mu Bubirigi.

Ico gihe abasirikare b'abanye Amerika bubikiriwe n'Abadage, hapfa abatari bake abandi barakomereka, umuforomakazi Chiwy akaba yarakijije amajana y'abasirikare.

Uwuserukiye Amerika mu Bubirigi yamuhaye ako gashimwe, yavuze ko bari bazi ko Augusta Chiwy, yapfuye kera mu gihe c'intambara.