Amerika yarangije ubutumwa muri Iraq

US military Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare ba Amerika bamanuye amabendera yabo muri Iraq, nk' ikimenyetso ko barangije igikorwa cabo.

Inteko za Amerika ziri muri Iraq zarangije ico gikorwa cazo mu kumanura no kuzinga amabendera yabo, nk'ikimenyetso c'uko batahutse iwabo inyuma y'ubutumwa bumaze imyaka 9.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa US Leon panetta, yabwiye abari basigaye muri Iraq ko yumva ata majambo yobona yo gushimira abatanze ubuzimabwabo mur'ico gikorwa.

Yemeza ko catwaye vyinshi yaba Amerika canke Iraq, ariko ngo umwimbu wavuyemwo, n'igihugu ca Iraq ubu kirangwa mwo ubwigenge.

Ingabo zigera ku 4000 zisigaye muri Iraq zizorangiza gutaha mur'iyi minsi ir'imbere.

Mugabo har'abajejwe gutanga inyigisho za gisirikare bazosigarayo.

Intambara yo muri Iraq yahitanye abasirikare ba Amerika baharurwa mu 4500 basize ubuzima muri Iraq, nayo aba Iraq baguye mur'iyo ntambara barenga 10 000.