Igisasu cahitanye umupolisi hafi ya Dadaab

ikambi ya Dadaab Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ikambi ya Dadaab

Ababibonye bavuga ko bavuga kw' igisasu caciyemwo kubiri imodokari, igipande kimwe kiryamye ku muvyimba w'umushoferi yacitsemwo ibice.

Abandi babiri bakomeretse nabi cane bariko barabakwega babavana mu bisigarira vy'iyo modokari.

Kenya iheruka kurungika ingabo muri Somalia, ivyo umurwi Al Shabaaab wise ko ar'ukuvogera Somalia no gusotora intambara.