Etienne Tshisekedi "yarahiye"

Etienne Tshisekedi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Etienne Tshisekedi

Muri Republika iharanira demokarasi ya Congo, Etienne Tshisekedi yarahiriye iwe - mu buryo butemewe n'amategeko - kuba umukuru w'igihugu.

Abategetsi bamubujije kurahiririra kuri stade des martyrs iri i Kinshasa nkuko yari yabiteganije.

Igipolisi cyabujije abatavuga rumwe na leta guteranira hamwe kandi stade des martyrs ikikijwe na za bulende n'abasirikare bafite intwaro.

Ku wa kabiri, perezida Joseph Kabila we yarahiriye gukomeza kuyobora igihugu mu gihe cy'imyaka itanu nyuma yo gutsinda amatora indorerezi mpuzamahanga zivugwa ko atakoreshejwe neza.

Etienne Tshisekedi waje ku mwanya wa kabiri avuga ko ariwe wayatsinze.