US irihaniza Iran kutugara Hormuz

Hormuz
Image caption Hormuz

Igisirikare ca US kirwanira mu mazi kigabisha ko kidashobora kwihanganira icarico cose coza kibangamira umuhora wa Hormuz uhuza ikigobe ca Perse n'ica Oman.

Igisirikare ca Amerika kivuga ko uruja n'uruza rw'ibidandazwa rutagira inkomanzi mur'uwo muhora, rufise ikibanza gikomeye mu mutekano w'ako karere n'uwo mu makungu.

Uwo muhora wa Hormuz ufise ikibanza ca gatandatu mu mayira acishwamwo petrol nyinshi kw'isi, Amerika ikavuga ko uwoshaka kuwuhungabanya ata kibanza yoba akwiye mu makungu.

Ivyo bivuzwe bikurikira imyimenyerezo y' ubwato bwa gisirikare bwa Iran yakorewe hafi y'uwo muhora, aho vyanuganuzwe ko Iran yoba ifise umugambi wo kuwugara