Abarwanya leta ya Senegel banyuruje abasirikare batanu

Ibendera rya Senegal
Image caption Ibendera rya Senegal

Igisirikare muri Senegal kivuga ko abasirikare baco batanu bagizwe imbohe n'abarwanyi bo mu ntara ya Casamance ishaka kwiyonkora.

Ngo abo basirikare babuze nyuma y'igitero c'abarwanyi b'umugwi Movement des Forces Democratiques, MFDC, cabaye mu ntango za kuno kwezi.

MFDC igwanira ukwigenga kw'intara ya Casamance kuva mu 1982, iyo ntara ikaba itandukanywa na Sengal n'igihugu ca Gambia.