Boko Haram yerekanye ubwicanyi yakoze

Abazize Boko Haram
Image caption Abazize ibitero vay Boko Haram

Uwufatwa nk'umukuru w'umurwi Boko haram, Abubakar Shekau, yemeza ko ibitero vyakozwe n'uwo murwi vyari ivyo guhora aba islam biciwe mu buraruko bw'igihugu.

Agabisha president wa Nigeria Goodluck Jonathan ko abajejwe umutekano badashobora guhangana n'uwo murwi.

Arahakana kandi kw'umurwi Boko Haram ujaniranya mu kwica, aho yemeza ko utoranya imiryango y'abasirikare.

Boko Haram imaze kugaba ibitero vyinshi, birimwo ico ku muinsi wa Noeli cahitanye abantu 37 mu muji wa Abuja.