Abahunze muri Sudani y'epfo bakeneye gufashwa.

Intambara hagati y'amoko muri Sudani y'epfo Uwufise ububasha kw’isanamu spl arrangement
Image caption Imirwi y'amoko ifise ibirwanisho yateje intambara zatumye ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu bata ingo zabo.

Ujejwe gutunganya ibikorwa vyo gutabara mu bumanuko bwa Sudani Lise Grange, avuga ko hakenewe infashanyo nyinshi cane zo gufasha abakuwe mu zabo n'intambara z'amoko.

Abitwaje ibirwanisho baharurwa mu bihumbi bitandatu bo mu bwoko bw'aba Lou Nuer bateye umuji wa Pibor, ubamwo abo mu bwoko bw'aba Murle, bagiriza ko baboneshereje.

Lise Grange arahakana ibivurwa ko ONU itafasheije bikwiye mu gukingira abanyagihugu basanzwe.

Abitwaje ibirwanisho baramaze gutangura gusubira muhira, inyuma y'aho inteko za ONU zijejwe guhagararira amahoro n'igisirikare batanguriye gukomeza ingingo z'umuterkano