Mugesera aracaburanya Canada ku kujanwa mu Rwanda

urwibutso rwa jenoside Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urwibutso rwa jenoside

Leon Mugesera yahungiye muri Canada, asanzwe aronderwa n'ubucamanza bw'Urwanda bumwagiriza ko yahamagariye abahutu kwica abatutsi.

Uyu mugabo yari icegera c'umukuru wa MRND mu yari perefegitura ya Gisenyi, akurikiranwa kubera amajambo yavuze mw'ikoraniro ry'umugambwe MRND mu 1992.

Uwumwunganira Johanne Doyon, yemeza ko ata ngingo ya sentare irafatwa kugeza ubu, ingingo yafashwe ar'uyo ubushikiranganji bujejwe abinjira n'abasohoka.

Urubanza rwa Leon Mugesera ngo ruzosubira kumvirizwa ku munsi wa mbere, hanyuma sentare ifate ingingo.