Imyiyerekano muri Nigeria yahagaze

NIgeria oil Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Nigeria oil

Kubera kugabanya gato ibiciro vy'ibitoro kwavuye mu biganiro hagati y'amashirahamwe y'abakozi na president Goodluck Jonathan, imyiyerekano yabaye irahagaze muri Nigeria.

Ariko abapolisi baracari benshi cvane mw'ibarabara no mu miji itandukanye.

Abajejwe umutekano barashe hejuru kugira ngo basanzaze abari mu myiyerekano mu muji wa Lagos.

Abanya Nigeria benshi bifuza ko igitoro kigaruka ku gicirio ca kera, ariko leta ivuga ko miliyaridi 8 zahora zitangwa kugira igiciro c'igitoro kigume hase zoshobora gukoreshwa neza mu migambi yo kurwanya ubukene.