Iran:Umuhinga mu vya nucleair yatezwe igisasu.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Polisi ikikije imodoka ya Mostafa Ahmadi Roshan yatezwe igisasu

Amakuru aturuka muri Iran avuga ko abantu 2 bari ku pikipiki bamaditse igisasu ku modoka ya Mostafa Ahmadi Roshan, yahora akora mu kibanza ca Natanz gihingurirwamwo inguvu za nucleair.

Iran irega Leta zunze ubumwe za Amerika na Israel ko arivyo biri inyuma y'urupfu rw'uyu munyabwenge, akurikiye abandi bakora mu gisata co kurwiza inguvu za nucleair bagiye bicwa muri ubu buryo.

Icegera c'umukuru w'igihugu avuga ko ubwo bwicanyi butazotuma bacika intege mu mugambi wa nucleair.