Igisasu caturitse muri Syria

Damascus explosion Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Iyi photo itangwa n'ikinyamakuru SANA, ryerekana muri rusangi ahabereye ico gitero Midan muri Damas kuwa 06/01/2012

Amasanamu yerekanywe agaragaza amaraso ku madirisha ya bus yar'itwaye aba polisi.

Hari n'abanyagihugu bavurwa ko bapfuye bahitanywe n'ico gisasu.

Television y'igihugu itunga agatoke abakora iterabwoba.

Ico gitero cabereye ahitwa Midan, akarere gasanzwe bararizwamwo abakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza leta.

Abaharanira amahinduka mugabo barahakana ko ataho bahurye n'iryo turika ry'igisasu.

Ahubwo bagiriza leta ko ariyo yabikoze kugirango bambike iceyi abakora imyiyerekano mu gihe intumwa z'ishirahamwe ry'ibihugu vy'abarabu bari mu gihugu biteguye gutanga icegeranyo cabo c'intangamarara mu, mpera z'iyi ndwi.