Umuhungu wa Rupia Banda aronderwa na interpol

Henry Banda araronderwa na police interpol Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Henry Banda araronderwa na police interpol

Ubutegetsi bwa Kenya buremeza ko bwasabwe n'igipolisi mpuzamakungu gufata Henry Banda, aronderwa na Zambia ku vyaha vya ruswa.

Henry Banda yagirizwa ko yagurishije umutungo w'ishirahamwe rijejwe gutumatumanako rya leta Zamtel.

Iperereza ryakozwe ryasanze iryo gurisha ritaciye mu kuri.

President wa Zambia Michael Sata, yatowe hishimikijwe ko ata vyaha vya ruswa aharurwako.

Birakekwa ko Henry Banda yahungiye muri Kenya avuye muri Afrika y'epfo, ariko abategetsi ba Kenya bavuga ko aheruka mur'ico gihugu mu kwezi kwa 11 umwaka uheze.