Imyiyerekano i Cairo imaze guhitana babiri

Abapolisi ba Misiri Uwufise ububasha kw’isanamu NA
Image caption Abapolisi ba Misiri

Imyiyerekano y'abashavujwe n'impfu z'abantu 74 bariko bararorera umupira mu Misiri kuwa Gatatu imaze guhitana abantu babiri i Cairo.

Isinzi ry'abantu bahuriye mu kibanza ca Tahrir Square ku murwa mukuru wa Misiri, ngo berekane umubabaro batewe n'impfu z' abo babantu.

Abiyerekana batanye mu mitwe n'abajejwe umutekano hanze y'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Abategura iyo myiyerakano basavye ko umuriyoni w'abantu baja mw'ibarabara mu bice bitandukanye, bakiyamiriza igisirikare bagiriza ko ari co catumye abo bantu bapfira ku kibuga c'umupira ca Port Said.

Bavuga ko abakunzi b'umupira bari bavuye i Cairo bahohotewe n'ibigirankana kuko bagize uruhara mw'itembagazwa ry'intwaro y'umukuru w'igihugu Mubarak.