Uruhagarara hagati ya Irani na Israel

Umukuru w'ikirenga wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru w'ikirenga wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei

Umukuwu w'ikirenga wa Irani yagabishije ko igitero ico arico cose ku mugambi wa Irani w'inguvu za nucleaire bazocivuna bivuye inyuma.

Ayatollah Ali Khamenei yavuze ko kubangamira canke gutera Irani bizovyara kubangamira America.

Ibi abivuze haciye umunsi umwe umushikirangaji wa Israel ajejwe kwivuna abansi, Ehud Barak, abariye inama y'umutekano ko umwanya uriko urabaherana wo gupfyuvya umugambi wa Irani ujanye n'inguvu za nucleaire.

Abategetsi ba Amerika, harimwo n'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Leon Panetta, bagaragaje ko bahangayikishijwe n'uko Israel yoba iriko iritegurira gutera Irani.