Ihinguriro ry'ibitoro rishasha muri Uganda

Ihinguriro ry'ibitoro ry'ishirahamwe ryo mu Budage Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hari mu kwubakwa ihunguriro ry'ibitoro muri Uganda

Uganda yagiranye amasezerano mashasha n'ishirahamwe ryo mu Bwongereza Tullow Oil, rikorera mu kiyaga Albert.

Ayo masezerano yemera kugurisha ku mashirahamwe yo mu Bushinwa no mu Bufaransa, imwe mu migabane ya Tullow Oil mu kigayaga Albert

Ayo masezerano yugururiye inzira ibikorwa vyo kwubaka ihunguriro ry'ibitoro muri Uganda riguze imiriyaridi cumi z'ama dollar yo guhingura ibitoro bikoreshwa n'akarere.

Harimwo kandi kwubaka umuhora ushora hanze ibitoro bidahinguye.

Tullow yavuze ko umwumvikano na leta ku vy'amakoli, usigura ko izoronka inyungu nziza ku mahera yashoye.