Imigambwe Fatah na Hamas yumvikanye

Umukuru wa Hamas, Khaled Meshaal (i buryo) na Prezida Mahmoud Abbas Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru wa Hamas, Khaled Meshaal (i buryo) na Prezida Mahmoud Abbas

Imigambwe ibiri ikomeye yo muri Palestine, Fatah na Hamas, yumvikanye ko umukuru wa Fatah, Prezida Mahmoud Abbas, atwara ikiringo mfatakibanza.

Iyo migambwe yumvikanye ko leta arongoye ariyo izotegura amatora muri Sisjordanie no muri Gaza.

Uwo mwumvikano washitsweko nyuma y'ibiganiro hagati ya Prezida Abbas n'umukuru wa Hamas, Khaled Meshaal.

Ivyo vyashitsweko biri mu rwego rw'ibiganiro bigamije gusubiza hamwe, hagaherahezwa imyaka itanu y'urwanko rubi hagati y'impande zombi, Fatah igenzura Sisjordanie, Hamas nayo igenzura Gaza.

Umunyamakuru wa BBC ari i Sisjordanie avuga yuko kuba vyaratwaye igihe kirekire kugira bumvikane vyerekana ko ivyo bapfa bikomeye kandi bishora kuhaguma.