Ubugereki bwongeye ingingo zo gutubika umukanda.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imigumuko muri Athens yatumye baturira inyubakwa

Ubudagi burashima ingingo zaraye zitowe n'Ubugereki zo kugabanya amafaranga akoreshwa na leta, aho bwemeza ko zigiye gutuma Ubugereki busubira ku murongo.

Umukuru w'umurwi w'ishirahamwe rya Bulaya ajejwe ibibazo vy'ubutunzi Ollie Rehn, avuga ko itorwa ry'itegeko rigenga izo ngingo zo gutubika umukanda ari intambwe ikomeye.

Ngo niho Ubugereki bubwirizwa guca kugira bubone kongerwa amafaranga y'ingurane igira kabiri n'amakungu.

Izo ngingo zari zasabwe n'abatanga izo ngurane kugira batange amafaranga aharurwa mu ma miliyaridi y'ama dollars, ariko zatowe mu gihugu hari imigumuko myinshi yo kuziyamiriza.