Abaserukira Israel batewe mu bihugu 2

Uwufise ububasha kw’isanamu b
Image caption Imodokari ya Ambassade ya Israel yahiriye Dheli

Mu Buhinde mu muji wa Dheli, imodokari y'uwuserukira Israel yategewe igisasu mu gace kazwi ko gacungerewe umutekano cane.

Umushoferi w'iyo modokari n'umukenyezi w'umwe mu bakozi b'ibiro vy'uwuserukira Israel barakomereka.

Umunyamakuru wa BBC yari ngaho avuga ko hari amakuru ataratohozwa neza yemeza ko ico gitero cakozwe n'abantu bari kuri pikipiki.

Hagat'aho muri Georgia, abategetsi bavuga ko hari igisasu cari catezwe ku modoka y'umukozi wo mu biro vy'userukira Israel iTbilisi, ariko nticaturika.

Kugez'ubu nta murwi n'umwe uravuga ko woba uri inyuma y'ivyo bitero.