Ubursiya buzokwishura iki ku kibazo ca Syria?

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Syria, ishirahamwe ry'abarabu, ishirahamwe mpuzamakungu, amahoro

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Lavlov avuga ko imbere yo kurungika intumwa mvamakungu muri Syria, leta ibwirizwa guhagarika intambara hagati yayo n'imirwi iyirwanya.

Ishirahamwe rya Bulaya rirashima ico cifuzo c'ishirahamwe ry'ibihugu vy'abarabu, kandi n'umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza arabishigikiye.

Ariko Ubwongereza buvuga ko kugira iyo ngingo igire ico ishitseko, abazorungikwa nk'intumwa zo kugarura umutekano muri Syria bategerezwa kuba badaturuka mu bihugu vya Bulaya.