Zambia yacuye igikombe ca CAN

Igikombe ca CAN Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Zambia yacuye igikombe ca CAN

Abantu barenga igihumbi bari babarindiririye ku kibuga c'indege ca Lusaka, abandi ibihumbi bari bakwiye kw'ibarabara abakinyi ba Zambia bacamwo binjira mu muji , aho leta yari yateguriye kubakirira.

Bubaye ubwa mbere umurwi nserukiragihugu wa Zambia utahukana igikombe ca Afrika mu mupira w'amaguru.

Zambia yatsinze Cote d' Ivoire kuri penalty.

Igihugu ca Gabon umurwi wa Zambia watwariyemwo igikombe wari wakiburiyemwo abakinyi haraheze nk'imyaka 20, mw'isanga ry'indege ryahitanye hafi umurwi nserukiragihugu wa Zambia wose.