Abana imiriyoni 500 babangamiye n'inzara

Umwana abangamiwe no gufungura nabi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umwana abangamiwe no gufungura nabi

Ishirahamwe ry'abagiraneza, Save the Children, rivuga yuko abana imiriyoni amajana atanu batazokura neza mu myaka 15 iri imbere kubera kubura ivyo kurya.

Iryo rishahamwe rivuga yuko hagikenewe gukorwa vyinshi mu guhangana n'ikibazo co gufungura nabi mu bihugu bikenye gusumvya ibindi.

Itohoza ryakozwe na Save the Children mu Buhindi, Nigeria, Pakistan, Peru na Bangladesh ryasanze imiryango myinshi idashobora kuronka inyanka, amata hamwe n'imboga.

Umuyobozi mukuru w'iryo shirahamwe, Justin Forsyth, avuga yuko gufungura nabi ari impamvu y'ica gatatu c'impfu zihitana abana, ariko ngo ntivyitabwako co kimwe na SIDA canke marariya.

Ishirahamwe Save the Children rihamagarira leta y'Ubwongereza gutegura inama ku kibazo c'inzara mu gihe c'inkino za Olympic zizobera i Londres mu ci.