Impfungwa 300 zahiriye mw'ibohero muri Honduras

Ibohero ry'i Comayagua Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibohero ry'i Comayagua

Impfungwa zishika ku 300 zahitanywe n'umuriro wadutse muri rimwe mu mabohero yo mu gihugu ca Honduras, abandi benshi barakomereka.

Uwo muriro wadutse mw'ijoro ry'ejo ku wa kabiri mw'ibohero rya Comayagua, nko ku birometero 80 mu buraruko bw'umurwa mukuru Tegucigalpa.

Iryo bohero ryari ricumbikiye impfungwa zishika ku majana umunani, abarijejwe bakavuga ko uwo muriro watewe n'ikibazo c'umuyagankuba.

Impfungwa zo mu mirwi itumvikana zihora zipfungirwa mu bibanza bimwe.

Umuvugizi w'ikigo kijejwe ivy'imiriro yavuze ko impfungwa nyinshi zahiye zigacikana canke zikicwa no kubura amahemero mu vyumba zari zipfungiwemwo.