Ubushinwa bwarungitse intumwa muri Syria

Ibiduga vy'igisirikare ca Syria mu muji wa Homs Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibiduga vy'igisirikare ca Syria mu muji wa Homs

Ubushinwa bwarungitse intumwa idasanzwe muri Syria ngo igerageze kwumvikanisha kugira ubugizi bwa nabi buhagarare.

Ubushinwa n'Uburusiya vyaridogewe cane kuko vyabujije ingingo y'umugwi w'umutekano wa ONU, yo guhimiriza Prezida Assad ngo atange imihoho.

Inama nkuru y'umuryango mpuzamakungu ONU vyitezwe ko itora ku cemezo cashikirijwe n'ibihugu vy'Abarabu.

Ico cemezo ciyamiriza leta ya Syria, kigamagarira umukuru wa Syria kuva ku butegetsi, ariko ntategerezwa kuvyubahiriza.

Ariko abamenyamakuru bariko barabikurikirana bavuga yuko Uburusiya butaza kubishigikira.

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov, yagiranye umubonano mugufi i Vienna na mugenzi wiwe w'Ubufaransa Alain Juppe.

Ariko yavuye mw'uwo mubonano avuga yuko Ubufaransa, bwo bushigikiye ico cemezo, ngo ata gishasha bufise bushikiriza.