Impfungwa 200 zabohojwe muri Nigeria

Rimwe mu mabohero yo muri Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Rimwe mu mabohero yo muri Nigeria

Igitero mw'ibohero ryo mu bumanuko bw'umurwa mukuru wa Nigeria, abuja cabohoje abanyororo 200.

Uwucungera ibohero umwe yahasize ubuzima igihe abantu bitwaje ibirwanisho bamena imyango y'ibohero, umunyororo umwe gusa akaba ariwe yasigaye.

Umuvuzigizi w'iryo bohero yakanye ko atari umugwi wa ki Islam, Boko Haram, wagavye ico gitero.

Ariko ntiyigeze asigura igituma yemeza ko atari uwo mugwi w'intagondwa z'aba Islam wabohoje izo mbohe.

Mu kwezi kw'Icenda mu 2010, Boko Haram yabohoje imbohe amajana indwi mu gitero nk'ico nyene.