Israel iri mukumva urubanza rwa Khader Adnan

Uwufise ububasha kw’isanamu 1
Image caption Ifoto ya Adnan Khader mu maboko y' umugore wiwe atruye n' umwana wiwe, igihe avuga ko agiye gutangura kwisonzesha.

Adnan Khader wo mu mugwi Islamic Jihad, yiteze ko urubanza rwiwe rwumvirizwa mur'iyi ndwi muri sentare nkuru ya Israel .

Uyu munyapalestina, avugwa ko ari mu rwego rwo hejuru mu muhari Islamic JIhad, ashobora gupfungwa igihe kirekire ataburanye.

Israel ivuga ko ingingo ibiaha uburenganzira bwo kumugumya ataburanye, ajanye n' ikibazo c'umutekano.

Abashingwamanza ba Khader bavuga ko amagara yiwe atameze neza na mba kubera igihe amaze yisonzesheje, ngo ashobora no gupfa hamwe uru rubanza rutosasa vuba.