Intambara muri Baidoa

Uwufise ububasha kw’isanamu 1
Image caption Somalia

Umunyamakuru wa BBC ari muri Somalia avuga ko ingabo za Ethiopia zigeze ku km 15 zinjira mu muji wa Baidoa.

Avuga ko abantu baba hagati mu gihugu bariko barahunga Baidoa ari benshi, bakaba berekeza hagati mu misoziaho badashobora kuronka ibifungurwa.

Ubumanuko no hagati mu gihugu muri Somalia harasinzikajwe n' uruzuba.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko Baidoa niyaramuka ivuye mu minwe ya Al shabaab bitazoba vyoroheye uwo murwi.